Claver Hacimana arongoye ishirahamwe rya basketball mu Burundi”FEBABU” amenyesha ko bagiye kuriha ihadabu baciriwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rya basketball”FIBA”inyuma yaho umurwi wa Dynamo wase gukina wambaye imyambaro yanditseko”visit Rwanda” mu mahiganwa ya Bal yabaye muri ntwarante 2024 mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Mu nkino za basketball ziheruka kubera mu gihugu ca Afrika y’epfo muri ntwarante 2024 umurwi wa basketball DYNANO wategetswe na Apotre J.Paul Manirakiza yari awurongoye kudakina wambaye imyambaro yanditseko visit Rwanda bikaba vyatumye Dynamo utsindwa udakinye mu nkino zakwirikiye mbere mu nyuma Fiba yavuye ifatira ibihano FEBABU ringana n’ibihumbi 50.000 mumafranga y’ubusuwisi.
Claver Hacimana arongoye Febabu akaba avuga ko bagiye kwishura iryo hadabu.agira ati:«Ishirahamwe rya FIBA ryaraduciriye ihadabu ringana n’ibihumbi 50.000 mumafranga y’ubusuwisi muri ndamukiza 2024 ariko tugiye kuririha naho umenga si rito ariko tugiye kwegera tuvugane n’abo dusanzwe dufashanya muri izi nkino turabe ko bodufasha tukariha ayo mafaranga ikindi nuko tugiye gusubiza abakinyi mu kibuga kugira dushobore kuronka amafranga yinjira mu kigega.rero turizeye ko bitazosubira kuko twarabonye neza ko hatabayeho kuvugana neza hagati y’Abarongozi ba FEBABU na FIBA.»
Iryo shirahamwe FEBABU ryari ryahagaritswe ivyo agateganyo na FIBA kw’igenekerezo rya 12 ndamukiza 2024 mbere bikemezwa kuwa 24 ndamukiza 2024.iryo shirahamwe FIBA ryahanishishe FEBABU ihadabu ringana n’ibihumbi 50.000 vy’amasuwisi mumarundi akaba yababa imiriyoni 250 aho ayo mahera azoba yarishwe gushika kw’igenekerezo rya 30 rusama 2024.





Recent Comments