Faustin NDIKUMANA:Amafaranga Reta izokoresha ntashobora gutuma ubutunzi bw’igihugu bwiyongera

0

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM Faustin NDIKUMANA amenyesha ko itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha muri uwu mwaka wa 2017 idashobora gutuma ubutunzi bw’igihugu bwiyongera kuko rituma abanyagihugu batanga amatagisi ku bikoresho vya nkenerwa.

Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM amenyesha ko afise amakenga ku vyegeranyo bishikirizwa n’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR,kuko bitaboneka ko amafaranga ici kigo cegeranya ashobora gutuma abanyagihugu babandanya kubaho.

Umukuru wa PARCEM amenyesha ko kugira ibiciro ntibibandanye kuduga hakenewe ko indyane za politike zihagarara,igihugu kigasubira gukorana neza n’abafasha, abarundi bakamenya kandi ko kurwanya igiturire ari urugamba rwa bose.

Mu kurangiza Faustin NDIKUMANA amenyesha ko mu gihe igiturire cobandanya kwibonekeza n’amatungo ya Reta agasesagurwa,inguvu zose zokoreshwa mu guteza imbere igihugu zoba impfa gusa.