Faustin NDIKUMANA: umugambi wambere warukenewe gukorwa n’uwokurwanya Ubukene.

0

Kuri Faustin NDIKUMANA avugako umugambi wambere warukwiye gukorwa ari ukurwanya ubukene hamwe n’inzara kugira ngo abarundi bibereho mw’iterambere rirama ngo kuko inzara ituma umubano utifata neza na gato.

FAUSTIN

Yashoboye kumenyesha yuko Uburundi bugira 49 kw’isi kubihugu bikirangwamwo ubukene hamwe ninzara ngo aho naho ahanini biva kuntwaro zo ziba zitashizeho umugambi nyawo wokurwanya ubukene hamwe ninzara.

Yarangije avuga yuko yaba umwene gihugu yaba umunyepolitike ngo umwe wese arafise uruhara mukurwanya inzara hamwe n’ubukene mu Gihugu.