Umuhora wa Facebook uherutse kwitwarirwa n’umugore aba mu ntara ya Houston Texas, awagiriza ko wanse gufuta amasanamu y’ubuhumbu (Pornographie) umugabo wiwe yatangaje inyuma yo kwahukana.
Meryem Ali yitwariye Facebook
Meryem Ali yagiriza Facebook ko yanse gufuta amasanamu y’ubuhumbu umugabo wiwe yatanze. Uwo mugore avuga ko umugabo wiwe yafashe amafoto yiwe ari gusa, arayahindura ayakoresha muri ya masanamu y’ubuhumbu( Pornographie). Uwo mugabo yabigira kugira amaramaze Meryem Ali kubera bahukanye.
Icababaje kuruta ibindi Meryem, n’uko Facebook yanse gufuta ayo masanamu iyo hatobaye abajejwe umutekano.
Meryem Ali asaba Facebook indishi y’akababaro ingana imiriyoni 123 z’amadorari. Abamuburanira bavuga ko Facebook itegerezwa kuriha ayo mahera kubera yarengeye agateka ka zina muntu k’uwo mugore.
Recent Comments