UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Facebook yasabwe kuriha imiriyoni 123 z’amadorari kubera guteba gufuta ano mafoto ateye isoni yuno mugore.

UBM News ads

Umuhora wa Facebook uherutse kwitwarirwa n’umugore aba mu ntara ya Houston Texas, awagiriza ko wanse gufuta amasanamu y’ubuhumbu (Pornographie) umugabo wiwe yatangaje inyuma yo kwahukana.


Meryem Ali yitwariye Facebook

Meryem Ali yagiriza Facebook ko yanse gufuta amasanamu y’ubuhumbu umugabo wiwe yatanze. Uwo mugore avuga ko umugabo wiwe yafashe amafoto yiwe ari gusa, arayahindura ayakoresha muri ya masanamu y’ubuhumbu( Pornographie). Uwo mugabo yabigira kugira amaramaze Meryem Ali kubera bahukanye.

Icababaje kuruta ibindi Meryem, n’uko Facebook yanse gufuta ayo masanamu iyo hatobaye abajejwe umutekano.

Meryem Ali asaba Facebook indishi y’akababaro ingana imiriyoni 123 z’amadorari. Abamuburanira bavuga ko Facebook itegerezwa kuriha ayo mahera kubera yarengeye agateka ka zina muntu k’uwo mugore.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments