UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Exclusive Interview with ( Daddy Face ), Menya hano Intambwe zikomeye amaze kugeraho, ubuzima yaciyemwo hamwe n’ibindi vyinshi utazi kuriwe.

UBM News ads

Mu rwego rwokubazinira vyinshi bijanye n’abaririmvyi b’abarundi, ikinyamakuru ca mbere kibaha amakuru yaba STAR b’abarundi baba muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” murino nkuru twashimye kuganira numwe mubaririmvyi akunzwe cane murino minsi hano muri America ndetse aho ibikorwa akora usanga birabwa na benshi, uwo nawe si uwundi ni ” Daddy Face ”

daddy face

Muri kino kiganiro uno muririmvyi twaganiriye vyinshi cane, aho uza kumenya uko yatanguye umuziki, ibibazo yahuye navyo agitangura ndetse n’intambwe amaze kugeraho kuva aho atanguriye umuziki, ikindi naco uraza kumenya vyinshi bikomeye cane uno muririrmvyi apanga gukora muminsi iri mbere.

Kurikirana hano musi ikiganiro cacu muko cagiye mugiye uno muririmvyi yariko araganira natwe.

UBM News : ese watanguye umuziki ryari ? nivyo usanzwe ukunda canke hariho iyindi mpanvu yatumye winjira muvyo kuririmba ?

Daddy Face : Jewe natanguye gukunda umuziki nkiri Mutoyi cane but sinariziko mfise ingabirano yo kuririmba naje kubimenya neza na neza muri 2005, Aho bategura festival ya mahoro kuri canter jeunne Kamenge, Baraduhaye icivugo so umwumwe wese aca arandika ururirimbo rwiwe.

daddy

UBM News : Urwo ruririmbo wanditse woba wararusohoye canke vyaheze uko nyene ?

Daddy Face : Oya sinayisohoye but nubu ndacayifise nkuko mubizi intango Yama igoye So n’ibintu vyinshi vyangoye nkitangura.

UBM News : Uravye aho watanguriye, nibihe ubona vyahindutse cane kuri wewe ?

Daddy Face : Ivyahindutse nuko ubu maze kumenyekana naho Atari cane but Ndizeye Ko nzoteba nka shika kundoto zanje.

UBM News : Ese Nikihe upanga gukora kugirango umuziki ukora uze ugere kure cane ?

Daddy Face : Jewe kuruhande rwanje mfise vyinshi nzokora muri kazoza, Ubu Ngiye gukora Umuziki ugezweho, ama video agezweho hamwe Nama collabo menshi yaba sani batandukanye bomuri africa kuko mfise dream yogutwara umuziki wanje kugwego rwa international, ndetse benshi bazobibona kuriyi video yanje nShasha izosohoka next month

UBM News : nuwuhe muririmvyi w’umurundi wemera ibikorwa akora kuburyo woba utegura gukorana nawe ururirimbo muri kazoza?

Daddy Face : Abaririmvyi babarundi bariho benshi bakora neza cane ariko uwo nemera cane ni Kidumu kibuganizo niwe nfise dream yo gukorana nawe ururirimbo.

Mukurangiza ikiganiro cacu, uno mu Star akunzwe cane hano muri America ” Daddy Face ” yabwiye aba fans biwe bose ko bokwitega Video y’indirimbo yiwe nshasha yimirije gusohoka kuko izoza irimwo ubuhinga budasanzwe ndetse bugezweho.
Daddy face yagize ati : Ico nobabwira aba fans banje bose nuko bokwitega indiririmbo yanje Shasha yitwa f ”orever ” iratambika kandi izoza itavyorosha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments