Mu Kiganiro kirekire yagiranye na BBC , umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste NDAYISHIMIYE,yagarutse Ku bintu nyamukuru bivugwa mu gihugu .

Abidoga ko Hari ubukene ashikiriza ko ari abanyabujumbura bashaka kurya badakoze ariko ubu hageze aho batangura kuduga ahari amahera. Kubijanye ko na Ruguru bidoga avugako atarivyo abanyagihugu baryohewe. Akababazwa n’abaja gupagasa i Tanzaniya. Umuti arawuvuga ko afise amatongo yabuze abayarima ahubwo bogenda akabakoresha akabahembae. Aha avuga ko we atari nka Katorika ikoresha abantu ikabarimisha bagaca bataha uko. Umuntu wese ashaka akazi naje i karusi, I Gitega, Bubanza n’ahandi mu mirima n’amayororero y’umukuru w’igihugu ngo bamuhe akazi ko afise kenshi . Abanegura ivy’inkwavu avuga ko ashora Ku giti ciwe amatoni n’amatoni atumva impamvu bamuvuga.
Kuvy’igitoro cabuze ubu ngo ariruhutsa ko atari Uburundi gusa ,ngo ubu n’abandi n’uko mugabo aravugako impamvu nyamukuru ari ikibazo c’amadorari. Aha naho ati amavoka Niwo muti be n’ubutare bushoka.
Abajijwe amahera asumisha aremeza ko arishari abantu bamufitiye. Abajijwe ko umuryango wiwe utunze cane ngo ariko aratanga akarorero keza ko yavuye kure ngo icabona ni umuzungu atwara MUTOYI Azi ivyiwe neza.
Abaja za Dubai ngo bamwandikira ko bari mu muriro udahera bamubwira abatahane Abo ngo ni ubujuju ntivyumvikana umugabo ahendwa agatanga imiliyoni 15 aho kuzikoresha aha nyene mu myaka ibiri yobaye afise imiliyoni 30.
Kuvy’intwaro ibereye agaruka kubasuma biba igihugu impamvu hapfungwa bato banini bakidegemvya asa n’uwuvuga ko banini basubiza ko biba menshi ahubwo agatangazwa nabiba make ko birabura uko bosubiza igihano kiba gufungwa bakanatakaza akazi.
Ivy’amatora ko CNDD-FDD ushaka kuba umugambwe umwe mu gihugu avugako ari ishaka ry’abenegihugu. Ababazwa n’ukuntu atarabona abandi bazohangana agahamagarira imigambwe kubamuha abagabo b’ijunja n’ijambo.
Muri rusangi avugako atabona neza ico govuga yaranguye ko yasanze igihugu caratembagaye abantu bihebuye ubu ariko ava mu busa ashobora gushira igihugu ahantu heza. Ahubwo arashikiriza ko abarundi bipfuza imfashanyo z’abazungu bikabananira kumubwira. Abonako igihugu n’icitwa ubukene buva Ku mfashanyo zitakiza mu gihugu c’uburundi. Umwavu nawo avugako Hari n’umusesekara ko bawufata ujanywe i Tanzaniya kugurishwa no mu Rwanda. Isoko y’inkoko ngo i Buvira si kure bozijana.





Recent Comments