Evariste NDAYISHIMIYE: “Turafise Abakandida Benshi Babishoboye Mu 2020”.

0

Uwurongoye Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, aravuga ku bibazo bitari bike biraje ishinga igihugu harimwo n’ikibanza CNARED ifise mu Biganiro, ikibazo c’ibiringo vy’umukuru w’igihugu hamwe nivyerekeye umukandida wa 2020 mu matora y’umukuru w’igihugui c’Uburundi.

Abajijwe ku vyerekeye ibiganiro bibere hanze y’igihugu c’Uburundi, Evariste NDAYISHIMIYE yavuze ko ‘intumbero yavyo ari uko abarundi bahunze bohunguka kubera bahunze kubera ubwoba. Bamwe barateye ubwoba abanyagihugu. Abari bafise ubwoba baratwawe n’akosho barahunga. Vyari bibereye kugarukana umwizero kugira hiyemezwe ko abahunze igihugu bose bagaruka mu gihugu bakubaka uburundi bwabo’.

Abajijwe ku vyerekeye abantu nka NIYOMBARE, SINDUHIJE na Pacifique NININAHAZWE ko bogira uruhara mu biganiro vyobera hanze y’igihugu ko yobishigikira, Evariste NDAYISHIMIYE yabajijwe ko yoba abishigikiye.

Yishuye ati: “Ni gute mwoshaka ko umuntu aronderwa n’ubutungane kugira yidegemvye hama aburanire ukwidegemvya kwabanyagihugu mugihe ari nawe ahungabanya umutekano w’abanyagihugu? Nibaza ko abantu baronderwa n’ubutungane badashobora kugira uruhara mu biganiro bihuza abarundi, ahubwo, bari bakwiye kuza imbere y’ubutungane bakisigura neza. Nibatsinda, nta kibazo.Mugabo nibaboneka ko hari ikibagira, bazohanirwa ivyaha vyabo hama barekurwe haheze igihano cabo”

Evariste NDAYISHIMIYE, uwurongoye Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD

Abajijwe nimba Ubudahangarwa bwohabwa bakurikiranwa n’ubutungane kugira bagaruke mu gihugu, Evariste NDAYISHIMIYE yishuye gutya: “ Ni abantu bari ku rushi bagomba gufatira mu rwara iciyumviro c’abanyagihugu hama bagashaka kudusamaza. Nashaka guhanura abarundi ntibasamazwe nabo.

Abajijwe ko CNARED ishaka ko hoba intwaro y’imfatakibanza idatwarwa na Pierre NKURUNZIZA, evariste NDAYISHIMIYE yishuye ati:”Bavuga ivyo bashaka kuko bari hanze y’igihugu. CNARED ni Ishirahamwe rishigikiye abashatse gutembagaza ubutegetsi. Rero ntibitangaje kubona bavuga uko”.

Abajijwe ko yoba ahigikiye canke adashigikiye intwaro mfatakinbanza, Evariste NDAYISHIMIYE yishuye ati: “ Ni ibishoboka ko intwaro ihinduka mu gihe yitorewe n’abanyagihugu. Amatora yarabaye hama inzego zirashigwaho. Abashaka gutwara bakwiye kurindira 2020 aho hazoba amatora”

Abajijwe igituma abama bagize imyiyerekano bemeza ko Pierre NKURUNZIZA ariwe azokwitoza mu 2020, Evariste NDAYISHIMIYE yishuye ati: “ Abantu barafise uburenganzira bwo kuvuga iryo bagona. Mu ntwaro ya demokrasi, ivyiyumviro vyabantru nivyo biza imbere. Ariko hategerzwa kuba amatora kugira hamenywe ukuri kuri vyo abanyagihugu bavuga. Ku bwivyo, reka turindire.”

Abajijwe igituma hama hashirwa imbere Pierre NKURUNZIZA, Evariste ANDAYISHIMIYE yishuye ati: “ Nibaza ko abiyumvira gutyo ari barya batinya ukuba NKURUNZIZA yaramenyekanye. Umugambwe nturatanga uwuzowuserukira mu matora ya 2020. Bisubiye, hariho abandi bakandida kandi benshi mu mugambwe wa CNDD FDD. Ikoraniro kaminuza rizohitamwo nihagera.Gushika ubu, nta mukandida tuzi azoserukira umugambwe CNDD FDD mu 2020″.

Abajijwe nimba hoba hari abandi bakandida boba bashaka ikibanza co kuba Umukuru w’igihugu bagasubirira NKURUNZIZA,Evariste NDAYISHIMIYE yishuye gutya: “ Ndazi ko hari abakandida benshi muri CNDD FDD benshi bashobora gutwara igihugu. Ibi bizovana nikoraniro kaminuza rizoba. Mbonako umukandida nyawe ariwe azova mu bazoba bamwemeza ari benshi”.