UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Womenya gute ko umukobwa ari isugi ? Menya vyinshi kubijanye n’ubusugi bw’abakobwa

UBM News ads

Benshi mu basore b’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America bibaza vyinshi cane kuvyerekeye ubusugi bw’abakobwa, bakibaza uburyo womenya ko umukobwa akiri isugi canke kwatari yo. Ese kuba isugi bishaka kuvuga iki muri rusangi ? Ese umukobwa ashobora gusama kandi agifise ibimenyetso vy’ubusugi? Menya vyinshi kurivyo.

ubusugi

Kugira umukobwa bavuge ko akiri isugi igihe cose, n’imugihe atagitsina c’umuhungu/umugabo kiba kirinjira mu gitsina ce. Ni ukuvuga ngo igihe cose yoba atarigera akora imibonano mpuzabitsina.

Igihe hagize ikindi kintu kibasha kugera mu gitsina c’umukobwa kitari igitsina c’umugabo, urugero nk’urutoki rwa mugenzi we canke agatambara k’amazi, ibi ntibibuza ko umukobwa bamwita isugi.

Hymen (agahu gato cane kaba gatwikiriye ku mwenge w’igitsina c’umukobwa utarakora imibonano mpuzabitsina) Ese ni ko kamenyetso konyene kagaragaza umukobwa akiri isugi?

Bavuga ko Hymen canke kariya gahu iyo gacitse kakava ku mwenge w’igitsina c’umukobwa, atari co kimenyetso conyene gishobora kwerekana ko umukobwa akiri isugi kubera ko aka gahu gashobora gucika biturutse ku zindi mpamvu zitari ugukora imibonano mpuzabitsina.

Urugero nko gukora sports, kugenda cane n’ibindi. Gusa ngo mu gihe aka gahu gacitse biturutse ku gukora imibonano mpuzabitsina vyo bishobora kugenderwaho bavuga ko umukobwa yatakaje ubusugi bwiwe

Ese kuva amaraso canke kubabara mu gihe ukoze imibonano mpuzabitsina nivyo bigaragaza ko ukiri isugi?

Oya, ibi ntibivuga ko uba uri isugi kuko umukobwa ashobora kuva amaraso mu mibonano mpuzabitsina ikindi naco nuko ( Hymen ) ishobora gucika utagize ububabare na bumwe canke ngo uve amaraso.

Ese umuganga ashobora kumenya yuko umukobwa akiri isugi?

Oya, umuganga ntashobora kumenya ko ukiri isugi ahubwo umuganga ashobora kubona ko Hymen yawe yacitse canke kw’itakihari, ni ukuvuga ko itakiri mu mwanya wayo.

Gusa, muganga akubaza nimba warigeze gukora imibonano mpuzabitsina mu buzima bwawe mbere y’uko agusuzuma ( Gynecological examination ), bityo bimufasha kumenya ubwoko bw’igikoresho yokwifashisha bita ” speculum ” kugirango ntahave aca Hymen yawe.

Ni gute abakobwa bashobora kubesha ko ari amasugi kandi barakoze imibonano mpuzabitsina?

Abakobwa benshi bashobora kubesha ko ari amasugi kumbe barakoze imibonano mpuzabitsina.

Akarorero, abakobwa bamwe ngo bashobora gusaba abahungu gukora imibonano yo mu kibuno (Anal penetration), noneho ibi bigaca bigatuma ka gahu bita Hymen katavuduka kubera ko batakoze imibonano mu nzira isanzwe ahubwo bakoze imibonano yo mu kibuno

Hymen kandi ishobora kutavuduka canke ngo icike kandi umukobwa yarakoze imibonano mpuzabitsina, aha naho iyo umukobwa rero avuze ko ari isugi aba abeshe

Kuba imiryango imwe n’imwe mu barundi baba hano muri America yoba iraba mu mashuka umukobwa wabo yarayemwo mw’ijoro yakoze ubukwe ko harimwo amaraso, akenshi bibwira ko aya maraso aturuka ku gucika kwa Hymen na vyo ni ukwibesha cane kuko iki ntabwo ari ikimenyetso c’ubusugi bw’umukobwa.

Kuba isugi ntibivuga kuba isugi mu mubiri gusa ahubwo bivuga kuba isugi mu mubiri no mu vyiyunviro. Urugero ushobora gukora ( caress ) n’incuti yawe ariko ntimugere aho mukora imibonano mpuzabitsina, ibi ntibivuga rero yuko uba ukiri isugi, kuko ntabwo ubusugi bwawe uba warabutakarije mu vyiyunviro ariko ku mubiri ukibufise.

Ico dusaba abakobwa bakora imibonano yo mu kibuno (Anal penetration) mu rwego rwo kugira ngo bazobeshe ko bakiri amasugi nuko bobiheba kuko gukora imibonano mpuzabitsina binyuze mu kibuno ni inzira yanduriramwo agakoko gatera SIDA ku buryo bworoshe, ni ukuvuga ko agakingirizo ari ngombwa mu gihe cose woba ukoresha ubu buryo.

Ikindi kandi nuko ugomba kwitonda cane kubera ko ushobora no gusama nubwo woba wakoresheje ubu buryo, kuko amasohoro y’umugabo ashobora kumanuka akava mu kibuno agatemba yinjira mu gitsina (vagina).

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments