Nyakubahwa umukuru w’igihugu ca Tanzania ( Jakaya Mrisho Kikwete ) hamwe na nyakubahwa wigihugu cu Rwanda ( Paul Kagame ) uno musi kuwakane itariki 5 zukwicenda 2013 niho bahuriye munama yabereye inyuma gatoya yumuji wa Kampala, uganda ahantu bita ” Munyonyo Commonwealth Resort ”
Mumajambo bose baganiriye, bemeranye bose ko bazobandanya bakorana nkuko bari basanzwe bakorana mumisi yahera kugirango ubucuti bwabo bari bafitaniye muri kahise bubandanye hagati yivyo bihugu bibiri.
Abo barongozi uko ari babiri bahuriye munama yo muri Uganda izwi kwizina rya “International Conference on the Great Lakes Region (ICGLR)” kandi muriyo nama hakaba hariyo nabandi bategetsi bibihugu bitandukanye aho twovuga nka President Yoweri Museveni asanzwe arongoye ico gihugu ca Uganda, President Silva Kiir arongoye igihugu ca Sudan hamwe na President Joseph Kabila asanzwe arongoye igihugu ca Congo (DRC)
UBMNews tunezerejwe no kubona abo bategetsi barangije ibibazo vyari hagati yabo kandi tukaba tubandanya dukurikirana ibijanye nabo bakuru bibihugu kugirango tubibamenyeshe.
Hano abakuru bibihugu bitabiriye iyo nama bariko baraganira nkuko mubabona hano
Mukurangiza bahise bifotora ipica bose bari hamwe abari bitabiriye iyo nama unomusi.
Hano President Kikwete hamwe na Kagame bariko baraganira ari bonyene nkuko muvyibonera wari umunezero udasanzwe
Tubipfuriza ko ubucuti bwabo bwakomezaa cae ariko wewe uribaza ko arinde yarakwiriye gupfukama agasaba imbabazi uyundi ? uribaza ko ubucuti bwabo buzobandanya ? gira ico ubivugako.
Written by Eric Nyandwi, Dallas Texas
Recent Comments