Ese Big Fizzo yoba afunzwe azira kunywa ibiyayura mutwe? Soma hano mumenye ukuri.

0

Murino minsi hari amakuru aguma acanacanako avuga ko Big Fariouz igihangange mumuziki wu Burundi ko yoba afungiwe muri Africa yepfo kumvo zo gukoresha ibiyayuramutwe , yamara amakuru yizewe dufise hano kuri UBM News yemeza neza ko ivyo bivugwa kuriwe ko ari ibihuha.

fariouz

Nkuko vyemezwa numwe mubasanzwe begereye Big fizzo cane kandi bariko baranakorana ibiteramo muri ico gihugu ca Afrika y’epfo , we avuga ko umuririmvyi Big Fizzo akomeye kandi kwadafunzwe nkuko abatari bake bavyibaza, Ariko uwo muririmvyi ngo yagize ikibazo c’Uburwara bwo mu muhogo bituma n’igiteramo cari gukora gisiba.

UBM News tubibutse ko kugeza ubu uno muririmvyi kw’ ari mu gihugu ca Africa yepfo aho yagiye gukorerayo ibiteramo.