Eric Nyandwi yanditse amateka akomeye mu Burundi

0

Eric Nyandwi Umurongozi mukuru w’ikimenyeshamakuru gikorera kubuhinga ngurukanabumenyi” UBM News, ariko kandi akongera akaba numwe mu barundi aba muri America akurikiranwa cane n’abantu benshi kurubuga rwiwe rwa Facebook aho afise abantu barenga ibihumbi ijana (100,000 Likes ) bamukurikirana, yaraye yanditse amateka akomeye mu Burundi aho ifoto yashize kuri Facebook yabonywe n’abantu benshi cane barenga ibihumbi mirongo itanu ( 50,000 Views ) mu misi itarenga 4.

Eric Nyandwi kuriyo foto yashize kuri Facebook, we yavuga ko afise indoto muri kazoza yo kuzoba President w’Uburundi ninaho rero abatari bake baciye batangura kugira ico babivuzeho aho abayikunze barenga 760, abashizeho ivyiyumviro vyabo( comments ) babaka barenga 1400, ni mu gihe ababonye iyo foto nabo barenga ( 58,374 people reached ).

Ibi ni bimwe muvyiyumviro ( comments ) vyatanzwe n’abarundi batandukanye ariko kandi tubibutse ko hariho abashimye ico ciyumviro ciwe afise co kuzoba umukuru w’igihugu, hakaba hariho n’abandi babona ko bitazopfa bishobotse.

Dawa Dickson Nikiza : Vyoba vyo kuko na president ariko yavuze ko bigez kumubaza akiri umwa ico yipfuza kuba acayishura avuga ko ashaka kuba presiden non urabona ko vyabaye vyo nawe gwrageza gusenga wongera ukora kandi ukunda wongera wubaha imana

Chadrack Ndayikeje : Umva Reka Kumurwaniriz Iciyumvir Kuk Nabo Baba Aba Président Bakur Atavyo Baziko Bazobaba!Uzomub Jama Yangu Tekana.

Joselyne Nahimana : Ha Beshi Biyumvira Nkaw,non Uriko Witegura Gute Kwikorer Igihugu Sivyorosh !Urabaz Abatway Bos Iyo Baciy Baba Abakiriho Cank Abapfuy,ugiz Ngo Nugukorokeramwo!! Mugabo Nimbar Imana Yavugany Naw Sinzi Ntawubuzumugambi W Imana Kugushikako Ncuti Komeza,ariko Ataco Yakubwiy Ntiwirushe.w

Emmanuel Nduwayo : Eka nukurota nyene!!!w uburundi???iyo uvuga ikndi gihugu kko uburundi suwariwe wese,buragoy itwara!!!pole

Nambazimana Célestin : ncuti woba usenga woba wizera imana? wobuzi imana icarico? woba warakurikiranye inkuru yadawidi ukuntu yabaye umwami? nimba wizera vyukuri imana. ntakintu nakimwe coguhagarika kuba umukuru wigihugu. dawidi imana yamukuye mubihangange cumi bavukana nawe yari ushumba kandi yari uwanyuma ariko imana yaramugize umwami. abantu amaso yabo araba hafi akanyaruka kwemera ariko imana iraba mumutima. nimba wizera hamagara izina ryubushobozi nububasha yesu kristo umwami. komera iyimana ikwemeje nuwahora akwita umusazi arunama. iyaba umuntu yabona hazaza huwundi tuba twubahana ntituba tuvuga uko twishakiye. ndaguteye intege hamwe nimana yacu bizoshoboka.

Donatien Hasabindero : Wap Ntavyo Woshobora Abarund Turagoye Gutwara.