ENS : Umwaka mushasha w’ishure watanguye

0

Ishure nderabigisha ENS (Ecole Normale Supérieure) ryatanguye icese kuri uwu wa kane umwaka mushasha w’ishure w’2015 ushira 2016. Kabaye n’akaryo ko gutanga impapuro z’umutsindo ku murwi wa mbere w’abanyeshure bahejeje mw’itunganywa rishasha ry’ivyigwa vya Kaminuza BMD (Bacalaureat – Master – Doctorat).

Imyaka 15 iraheze ishure Kaminuza nderabigisha ENS ritanguye gutanga inyigisho mu Burundi. Umuyobozi mukuru w’iryo shure akamenyesha ko kuri iryo shure bafise ingorane z’ukwubahiriza ikirangamisi, bituruka rimwe na rimwe kuri za yegereyegere z’abanyeshure. Umuyobozi mukuru wa ENS yasavye icegera ca kabiri c’umukuru w”igihugu Yozefu BUTORE, ari nawe yari yaserukiye Reta muri ivyo birori, ko yokwitwararika ikibazo kijanye n’agafashanyo k’abanyeshure, kuko kenshi ukwo guhagarika ivyigwa biva ku gucererwa kw’ako gafashanyo. Reta yasabwe kandi ko yokwongereza igitigiri c’abagisha (Les assistants) baja kunonosora amashure hanze y’igihugu.

ENS

Muri ivyo birori vy’ugutanguza icese umwaka mushasha w’ishure 2015 – 2016 kuri Kaminuza nderabigisha ENS, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Yozefu BUTORE yemeye ko Reta y’Uburundi igiye kuba hafi iryo shure, aca asaba ko inyigisho zitangwa muma kaminuza zoba izijanye n’ibihe igihugu kigezemwo. Yozefu Butore icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yagiye yemeye gutanga kuri iryo shure inyabwonko icumi.

Ivyo birori vy’ugutanguza umwaka mushasha w’ishure vyabaye n’akaryo ko gutanga impapuro z’umutsindo ku murwi wa mbere w’abanyeshure bahejeje mw’itunganywa rishasha ry’ivyigwa vya kaminuza BMD (Bacalaureat – Master – Doctorat).
Abanyeshure ba mbere muri abo bahejeje ivyigwa bakaba bahawe udushimwe tugizwe n’inyabwonko, ipikipiki, amakinga hamwe na kazinduzi (Dictionnaires).