Inama idasanzwe y’abasenyeri ba Ekleziya katolika bo kw’isi hamwe n’abategetsi bakuru bakuru b’iryo dini bita ‘sinode’ yaraye yemeje kuri uyu wa gatandatu ko abagore bagiye kuza baja mu mabanga y’ubudiyakoni, amabanga ariko yahora agenewe abagabo gusa . Intambwe ya mbere itewe mw’iryo dini yo kwemerera abakenyezi gushirwa mu bibanza bijejwe gufata ingingo muri Ekleziya Katolika.
«Bibaye kwihutishwa mu kwizeza abagore kugira bashirwe mu nzira igana muvyo gufata ingingo hamwe no kugira uruhara muvyo gukorera ishengero» Niko Sinode yatangaje.
Ayo majambo yashikirijwe na Sinode aturuka mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu wa gatandatu mw’ijoro inyuma y’amatora yabaye mu kwemeza iyo ngingo yemerera abakenyezi kuja mu mabanga y’ubudiyakoni. Nkuko dukesha iy’inkuru Ikinyamakuru co mu gihugu c’ubufaransa BFMTV, candika ko iyo ngingo yemejwe n’abantu 365 bari mw’iyo nama ya sinode, muri abo bayemeje ngo harimwo na Papa Francisco, umwungere mukuru wa Ekleziya katolika kw’isi.
BFMTV ibandanya yandika ko iyo ngingo yemejwe yabanje gutera ibibazo kuko hariho umurwi uteretswe ko abakenyezi boja mu ba diyakoni kuko iryo banga co kimwe n’iry’abapatiri ryamye rigenewe abagabo gusa.
Tubamenyeshe ko iyo nama ya sinode yari imaze hafi ukwezi ikoranye kugira higirwe ingingo zikomeye zishobora kuzana impinduka zikomeye muri Ekleziya Katolika.Ni inyuma yaho iryo shengero rimaze igihe ririko rihangana n’ibibazo bikomakomeye, ivyo navyo ni nk’ibijanye no : kwemerera abapatiri bakarongora, ikibazo kijanye n’ukwo abahuza ibitsina babisangiye boza bafatwa mw’iryo shengero , n’ibindi,…
Recent Comments