Eddy Kamoso agiye gukorana indirimbo n’ umurwi wa KINA MUSIC wo mu Rwanda

0

Inyuma yo gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha iherekejwe n’ amashusho yayo, iyo ndirimbo akaba yarayikoranye n’ umuririmvyikazi aririmba indirimbo zihimbaza Imana asanzwe ava mu gihugu ca Kenya benshi mwoba muzi nka ESTHER WAHOME. Indirimbo ikaba yitwa RAHA.

11811376_1595642487368531_5477602900115283570_n

Umuririmvyi akongera aba n’ umumenyeshamakuru wo kw’ iradiyo ya Rema Fm azwi kw’ izina rya EDDY KAMOSO agiye gukorana indirimbo n’ umugwi ugezweho wo mu gihugu c’ Urwanda KINA MUSIC uhuriyemwo abaririmvyi nyarwanda nka Knowless Butera, Christopher, Tom Close, Dream Boys, Makanyaga Abdoul.

Mu makuru amaze kudushikira yemeza y’ uko KINA MUSIC yamaze kwemeza y’ uko igiye gukorana iyo ndirimbo na Eddy Kamoso nkuko uwusanzwe arongoye uyo murwi yabimenyesheje.

11144989_926812864037190_5440468230481897978_n