East African kung fu movies ibazaniye ireresi yitwa UMUTWE W’INKUBA

0

East african kung fu movies ibazaniye ireresi ya action iryoshe cane mugiye kubona vuba cane,ireresi yitwa UMUTWE W’INKUBA nkuko Arthur Ban benshi bazi nka Kamoteri yayitunganije yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu ubmnews.com mu kiganiro twagiranye nawe ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 22/8/2015.arthur
Arthur Ban akaba yatumenyeshejeko ko iyo reresi UMUTWE W’INKUBA ari ireresi irimwo ubuhinga budasanzwe,ireresi bitondeye cane,ireresi bakinishijemwo abakinyi babizi kandi babimenyereye nka Maitre Yves Ntirenganya,Anitha Shirambere eka ndetse na Arthur Ban nyene benhi muzi kandi mumenyereye kwumva mu gakino AGASHI yitwa izina rya Kamoteri,no mu mareresi nka Ashley,La tentation,Imashoka na Apres la pluie yanatumye Arthur Ban atahukana agashimwe kumukinyi mwiza mw’ihiganwa FESTICAB 2015.arthur festicab
Twobamenyesha ko izoba ibaye ireresi ya mbere EAST AFRICAN KUNG FU MOVIES ishoboye gushira ahabona.