EAC igiye Gushinga iyindi tariki y’Ibiganiro bihuza Abarundi.

0

Naho Leta y’Uburundi irongowe n’umugambwe CNDD-FDD yamenyesheje mu kwezi guheze isaba umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi kubirangiza vyihuta, vyagiye ahabona ko nyabuna umuryango wa Afrika y’Ubuseruko witeze gushiraho iyindi tariki y’ibiganiro bihuza Abarundi.

Bikaba bibaye inyuma y’aho Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya risohoreye icegeranyo aho cavuga ko iryo Shirahamwe ribabajwe cane n’uko ibiganiro bihuza Abarundi “bisa n’ivyapfuye”, maze rica risaba EAC gusubira gutunganya mu maguru masha ibiganiro bihuza Abarundi ‘bidatebaganye’.

Ku makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakuru The Citizen co muriu Tanzania amenyesha ko ‘hari icizere ko ibiganiro bihuza Abarundi bigiye gusubira kuba, ivyaheruka kuba irya nyuma mu mwaka uheze i Arusha, kandi ko hitezwe ko haba umubonano w’umurwi w’abafasha mu biganiro bihuza Abarundi uyobowe na Benjamin Mkapa.

Benjamin Mkapa, Umufasha mu Biganiro vy’Abarundi.

Isoko ry’iyi nkuru rikamneyesha kandi umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa yiteze kubonana n’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Yoweli kaguta Museveni, vuba kugira bayage uko ivyo biganiro bihuza Abarundi vyosubira gutunganywa.

Bikamenywa ko nubu Leta y’i Bujumbura itaremera n’ubu kwicarana ku meza imwe y’ibiganiro n’abo yitwa ‘inkozi z’ibibi’ bashatse gutemebagaza ubutegetsi bw’Uburundi mu kugira uruhara mu myiyerekano yabaye mu mwaka wa 2015.

None ubwo EAC izororanirwa gusubira gutanguza ivyo biganiro kandi Leta y’Uburundi yoyo isaba ko vyohagarikwa? Naho kubitega amaso…