Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNews Download New Audio : Ubereye Gushimwa by Willy Leonard Niyomwungere

Download New Audio : Ubereye Gushimwa by Willy Leonard Niyomwungere

Umuririmvyi mukunda muri benshi cane bivanye n’ukuntu aririmba neza ” Willy Leonard Niyomwungere ” ahejeje gushira indirimbo yiwe nshasha kumugaragaro yahaye izina rya ” ubereye Gushimwa ”, ino ndirimbo rero kugeza ubu ikaba iriko irakundwa n’abantu benshi bivanye n’ukuntu icuraranze hamwe n’amajambo meza ayirimwo.

Willy Leonard

Uno muririmvyi aho yaganira n’ikinyamakuru ca mbere gikunzwe ndetse gisomwa n’abarundi benshi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” ubwiwe yavuze ko ino ndirimbo ayiririmba ashima Imana bivanye nibikorwa bikomeye imaze kumukorera.

Willy Leonard yagize ati : Iyi ndirimbo «ubereye Gushimwa»ndabatuye bakunzi banje ni indirimbo ndirimba nshimira Imana kuko Nihweje ivyo ikora nivyo imaze kunkorera nsanga Imana ihambaye, Nkaba nshimye kuyisohora imbere yuko nsohora izindi namaze kurangiza zivuga kungorane ziri mugihugu canje ari co ca twese zibonekeza muri kino gihe twimirije amatora, Ariko vyose Imana ikaba ariyo nkuru kuko Ibereye gushimwa.

CLICK HERE TO DOWNLOAD THIS MUSIC

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments