Donald Trump Yagenye Umuhanuzi Wiwe Mushasha w’Umutekano.

0

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald J. Trump, yagenye ku musi wa mbere Liyetena Jenerali H.R. McMaster, kuba umuhanuzi wiwe ku bibazo vyerekeye umutekano. McMaster yamaze ubuzima bwiwe bwose mu gisirikare ca Amerika.

Perezida Trump yavuzez ko McMaster muri iki gihe afise imyaka 54 ari umuntu afise “ubuhinga bukomeye cane”.

McMaster H.R yaraye agenywe na Trump.

McMaster azosubirira Michael Flynn perezida Trump yirukanye haheze indwi imwe inyuma yuko amaze imisi 24 gusa mu mabanga yiwe.

McMaster n’umusirikare yaronse imidali myinshi mu gisirikare.Yajejwe amabanga akomeye cane mu gisirikare mu kiringo c’imyaka 25 irangiye haba muri Iraq na Afghanistan.

McMaster akaba akaba kandi azwi ko atarya umunwa mu kuvuga, anebagura ingingo ziba zafashwe n’igisirikare.Nk’akarorero yarasohoye igitabu kinebagura ukuntu Amerika yavyifashemwo nabi mu ntambara yabereye muri Vietnam kandi kikaba gisomwa cane n’abasoda bo ku rwego rwo Hejuru ba Amerika.