Donald Trump: Umushahara Wiwe Uzofasha Abatishoboye.

0

Nkuko Umuvugizi wa Maison Blanche ,Sean Spicer, yabimenyesheje, yavuze ko Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump azotanga umushahara wiwe bwa mfashanyo ku mashirahamwe afasha abatishoboye mu kibano.

Sean Spicer yavuze ko ashaka ko abamenyeshamakuru bavuga amakuru kuvyerekeye ubutegetsi bwa Amerika na Donald Trump ko bomufasha gucagura ni bande babereye kuronka ayo mafaranga bwa mfashanyo.

Umushahara wa Donald Trump uzoba ushitse ku madolari 400 000 ( mu marundi hakaba harimwo umuliyaridi urenga w’amafaranga) gushika mu mpera z’uyu mwaka.

Donald J. trump, Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika

Igihe yariko ariyamamaza ku giti c’umukuru w’igihugu ca Amerika, Trump yaravuze ko ata mugambi afise wo kwakira umushahara wiwe, ko azokwemera guhabwa idolari rimwe (nk’amarundi arenga gato 2 000) ayo abona ko bihuje n’amategeko.

Ariko reroTrump yarakosowe igihe yariko ariyamamaza ko yatanze amafaranga make cane yo gufasha aboro uravye ubutunzi bwinshi canke ibihinda afise.

Donald trump si we wenyene abaye uwa mbere yanse gutora umushahara wiwe. Hariho n’abandi muri kahise bahevye gutora Umushahara wabo nka John F. Kennedy yigeze gutwara Amerika, Buramatari yahoze atwara intara ya Californie Arnold Shwarzenegger, Uwashizeho urubuga rwa Facebook Mark Zuckerberg akaba ahembwa umushahara mutoyi cane muri iyo kompanyi ya Facebook.