Donald J. Trump: “Irani Iriko Ikina n’Umuriro”

0

Donald J.Trump: “Irani iriko ikina n’umuriro”

Ubushikiranganji bujejwe ikigega muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ibihano bishasha ku gihugu ca Irani, mu ntumbero y’ukwishura ku ngingo ico gihugu giherutse gufata y’ukugerageza misile balistike.

Abantu 13 ku giti cabo n’amashirahamwe cumi n’abiri bafatiwe ibihano. Bamwe bakorera mu bihugu vy’Ubushinwa, Emirats Arabes Unis na Libani.

Missile Ballistique

Iyo ngingo ikwirikiye igabisha ry’Umukuru w’Igihugu wa Amerika, Donald Trump, ku vyerekeye Irani. Ivyo bibaye inyuma yuko umushikiranganji ajejwe imigenderanzire wa Irani yiyamirije inyishu ya Amerika kw’igeregezwa rya Misile balistike.

Donald J. Trump yatangaje, abicishije ku rubuga Twitter, ko Irani iriko ikina n’umuriro.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Mohammad Javad Zarif, nawe nyene yashikirije ubutumwa kuri Twitter, ejo hahise ku musi ku wa gatanu, aho yavuze ko Irani idaterwa ubwoba na Amerika. Avuga ko bumviriza abanyagihugu babo ku vyerekeye umutekano.

Donald J. Trump

Ibihano niyo ngingo ya mbere ya Reta ya Donald Trump, ku gihugu ca Irani kuva Amerika igabishije ico gihugu muri iyi ndwi inyuma yuko Irani igerageje misile balistike.

Ivyo vyerekana ko Reta ya Trump iriko irondera gufatira ingingo zikomeye cane Irani.