Domitien Ndayizeye yoba agira asubire abe umukuru w’Igihugu?

0
NDAYIZEYE
Domitien Ndayizeye

 

Umushingamateka Domitien Ndayizeye yanarongoye igihugu c’Uburundi mu gice ca mbere c’intwaro mfatakibanza avuye mu mugambwe FRODEBU itaracikamwo ubunywenywe yasubiriye kandi kwizerwa ngo azoserukire urunani RANAC mu matora y’umukuru w’igihugu. urwo runani  rukaba rugizwe n’imigambwe itatu PASIDE, ANADE et ADR.

Mw’ijambo yashikirije yemeye kutazotetereza abamwizeye ngo abaserukire mu matora y’umukuru w’igihugu, akanatera akamo umukuru w’igihugu c’Uburundi ngo amusaba ngo ave mu gacerere arimwo amenyeshe abarundi n’amakungu ko atazitoza ubugira gatatu.

Mwomenya ko uyu yaheruka kwirukanwa mu mugambwe FRODEBU akaba kandi ari nawe mukuru w’igihugu Uburundi bwaheruka kuronka imbere y’uko Nyakubahwa Petero Nkurunziza afata igihugu.