Domitien NDAYIZEYE asaba ko abapfungiwe ivya politike borekurwa

0

Domitien NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko ashimishwa n’ingingo yo kurekura abahora bapfunzwe,agasaba ariko Reta kurekura abapfungiwe ivya politike bamaze gucirirwa imanza.

Domitien NDAYIZEYE amenyesha ko ashimishwa no kuba abahora bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo bararekuwe n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu,kuva kw’igenekerezo rya 23 Nzero umwaka wa 2017.

Uwo yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko bikibabaje kuba hari abarundi bahagarikwa kandi bagapfungwa kubera bashikirije ivyiyumviro vyabo,kandi amategeko y’igihugu abibarekurira.

Domitien NDAYIZEYE yahoze arongoye Uburundi amenyesha ko ababazwa no kuba hari abapfungiwe ivya politike batarekuwe kandi baraciriwe imanza,mu gihe hari abarekuwe bataraciribwa imanza.