UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Domisiyano NDAYIZEYE nyuma yo guhagarikwa mu mugambwe, menya hano ibanga rikomeye ubwiwe avuga ryatumye ahagarikwa.

Umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE yahoze arongoye igihugu c’Uburundi amenyesha ko ingingo yafatiwe yo guhagarikwa mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU yavuye ku ruhara yari afise mu mugambi wo kwiyunga kw’umugambwe FRODEBU bisa n’ivyari bigeze kure nk’uko abishikiriza.

Mu nama y’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yo kuwa gatanu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2014, hafashwe ingingo nomero 09/CP/PSF/2014 yo kuwa 25 Mukakaro 2014, ihagarika mu mugambwe uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, umukenguzateka Domisiyano NDAYIZEYE, bamwagiriza ko agirisha amanama mu kinyegero, kandi ko yoba afise intumbero yo gusambura umugambwe SAHWANYA FRODEBU.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uwu wa kabiri, umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rwiwe mu mugambi wo kwiyunga kw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU urongowe na Leonce NGENDAKUMANA, hamwe na FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE urongowe na Yohani MINANI, umugambi avuga ko wari ugeze kure, ariko ukaba usa n’uwudashimisha abarongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU.

Kuvyo yagirizwa ko akoresha amanama mu kinyegero, umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE avuga ko ari abanywanyi b’umugambwe FRODEBU batariko baramenyeshwa aho umugambi ugeze, ari naco gituma abatari bake baca baza kumuraba kugira abasigurire aho bigeze. Nk’uko Domisiyano NDAYIZEYE abisigura, abarongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU baciye bamwagiriza ko akoresha amanama mu kinyegero. Ku bwiwe rero, ntarota yipfuza gusambura umugambwe wa Melchior NDADAYE wazaniye Uburundi intwaro rusangi, nk’uko bariko barabimwagiriza.

Tubibutse ko mu rwandiko rwasohowe n’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ruteweko umukono na Leonce NGENDAKUMANA, umukuru w’uwo mugambwe, bamenyesheje ko Domisiyano NDAYIZEYE yagiye arahanurwa kenshi, ariko bakamwagiriza ko yafata minenerwe ivyo yahanurwa, ari naco gituma bavuga ko baciye bisunga ingingo ya 228, mu duce twayo twa 5 n’253, mu gufata ingingo yo guhagarika mu mugambwe umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE, bamwagiriza kutitaba amanama y’umugambwe, kudatanga intererano, kugira amanama mu kinyegero hamwe no gusuzugura inzego z’umugambwe.

Nk’uko tubikura muri urwo rwandiko umugambwe SAHWANYA FRODEBU wasohoye, kuva ku munsi wa gatanu iyo ngingo ifashwe, umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE ntarekuriwe kwitaba n’uguhamagaza inama z’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, ku rwego rwose rw’igihugu.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments