Dogidogi n’indani muri Ambassade ya amerika mu Burundi kubera igipolisi ngo ba!!!

0

Hari gihe c’isaha zin z’igitondo aho abanyeshure batari bake bo muri kamenuza y’Uburundi basanzwe bahungiye imbere y’Ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi baronka amakuru ababwira ko igipolisi kigira kize kuhabakura ku nguvu. Inyuma y’umwanya muto ngo batanguye kubona imodoka y’igipolice igenda igaruka mu kiringo c’iminota nka 30.

des-etudiants-escaladent-la-cloture-de-lambassade-pour-penetrer-a-linterieur-700x413

Inyuma y’aho aba Police batari bake bafise inkinzo, Gaz la Crymogene n’inkoho ngo baciye bahashika, rwa rwaruka rutangura kwirukira muri ico kigo c’ubwo buserukizi bwa amerika mu Burundi nkuko ikinyamakuru Iwacu kibimenyesha. Bamwe muri abo banyeshure bakaba baciye hejuru y’urugo abandi baca musi y’umurango winjira muri ico kigo c’ubwo buserukizi, bamwe bamwe bakomeretse nkuko itangazo ryasohowe kuri uno muhingamo n’ubwo buserukizi bwa amerika mu Burundi bubishikiriza.

les-etudiants-sont-dores-et-deja-a-linterieur-de-lambassade-des-Etats-Unis-au-Burundi-700x413

Nkuko ayo makuru abandanya abivuga ngo bamwe muri urwo rwaruka basa n’abakoresheje inguvu mu kurwana n’abapolice. Uduhuzu n’utundi dukoresho twabo banyeshure tukaba twahavuyye dutwarwa n’abo bajejwe umutekano bari baje kubakura muri ico kibanza nkuko bari babibabwiye haraheze umusi umwe.

un-pick-up-rode-autour-de-lambassade-des-Etats-Unis-1-700x413

 

Mwomenya ko ivyo vyariko biba umuserukizi wa leta zunze ubumwe za amerika mu burundi arabira mw’idirisha rya kimwe mu vyumba vy’ubwo buserukizi. Bakaba mwitangazo basohoye kuri uno wa kane nyene igenekerezo rya 25 ruheshi 2015 basavye Uburundi gutorera umuti ico kibazo mu maguru masha.

un-etudiant-penetre-difficilement-a-linterieur-de-lambassade-des-Etats-Unis-700x413