Dj Vampire atuyagira ku mwuga wiwe

0

Igenekerezo rya 1/12 ikinyamakuru cacu ubmnews cegereye umwe mu basanzwe bavuza umuziki hano mu burundi(dj) benshi bazi kw’ izina rya vampire aho yashoboye kutuyagira vyinshi ku bijanye n’ akazi kiwe ko kuvuza n’ aho kamushikanye ariko akaba yabanje kwidondora uku gukurikira: ku mazina yanje abavyeyi banje banyise Bikorera Evrard, Ham Vampire numu dj. Kenshi nkaba nkorera mu gisagara ca Bujumbura, Haruhand yubu dj nkaba narize nibindi. Mperuka kurangiza amashure ya Kaminuza kuri Université du Lac Tanganyika mu gisata ca communication.
vempire
Amipro: Ndaguhaye ikaze vampire!!! Watanguye ryari uyu mwuga wo ku dja?vyagenze gute kugira uwutangure? Nigiki catumye uwujamwo?
Dj vampire: Ivyo ku dija novuga ko nabitanguy neza haraciye nk’ imyaka cumi, Nkibitangura sibintu nabona ko bizombera umwuga kuko n’ ibintu nakunda cane Kandi bikanryohera. Ndibuka ahant natanguye kuvuza hari mu kabanza k’ muntu w’ umubanyi yarafise abana babatijwe ico gihe niga mu mwaka w’ indwi w’ amashure yisumbuye, Ndibuka yampay i machine yiw ( ordinateur ) abariyo mvugirizako anyerets ingen nza kuza ndakurikiranya imiziki, Kuva ico gihe ca ndabikunda nguma ndavyimenyereza kuko narumva ko biri muri jewe.
Amipro: Kuva uciga mu mwaka w’ indwi gushika ubu, vampire amaze gukura iki mu mwuga wubu dj?
Dj Vampire: Novuga nti kuva ivo gihe narabikunz mbanz kuvyimenyereza ham mpejej muwi cenda nc ndabihagarika kugira mbanz mpumwany ishure, Ico gihe ntaco novug ngo narabikuyemw kinini ataruko abantu batanguy kumenya buhoro buhoro kuko naho naja kuvuza harigih wasang ndabavugiriz ku buntu kuko narabikunda cane, Ham nc ndabihagarika mbanz kwiga ndaheza amashur yisumbuy ca nja muri Kaminuza, Maz guheza rero muri 2015 niho naciy ntangur kuza ndaronder ibiraka vyo kuvuza mu ma show hirya nino ham gushikubu nkab mbona ko nabikuyemwo ikintu kinini kuko ubu mfis akazi ahantu nsanzw nkorera hashika kuri habiri ( Star Hotel na Casino Le Cercle ) nkaba nkunda no kuronka ibiraka muma events akunda kuber ngaha Buja. ntakandi kazi mfis atarako kubu Dj niko kantunze.
Amipro: Mbega biroroshe ko akazi kubu dj kabeshaho umuntu hano mu burundi?

Dj vampire: Sinovuga ko vyoroshe kuko ubuzima bw’ ubu urazi ko bugoye muri vyose ibintu vyarazimvye Kandi si nakazi ushobora kwibaza kuzokwamana urashobora kukabura umwanya n’ umwanya, Ariko je ndashimira Imana gushika ubu karambeshejeho.
Amipro: Nuwahe mu dj wemera hano mu burundi canke ahandi atari hano?
Dj vampire: Hama ndemera umu dj w’ umu kenya yitwa Dj Jon, Dj Khym hama n’ umuganda yitwa Dj Kalonje, ndemera cane numu Dj w’ umufaransa akaba ari n’ umukobwa yitwa Dj Lady Style. Amipro: aha muburundi naho? Dj vampire: Ndemera Dj Flo ndemera na Dj Baba Ali.
Amipro: Wifuza gushika hehe mu mwuga wawe?
Dj Vampire: Ndipfuza gutera imbere cane mu mwuga wanj gushika aho nosigara ndi bitumwako ngaha mu gihugu no hanze mu makungu nkashobora guserukira igihugu canje.
Amipro: Mukurangiza neza tukubaze akabazo kamwe nayahe mahera menshi dj vampire amaze kuronka mu mwuga wo ku dija?
Dj vampire: Amahera menshi maze gukorera n’ amahera angana n’ ibihumbi amajana atatu nakoreye ijoro rimwe.
Amipro: Dj vampire ikinyamakuru ubmnews kirabashimiye cane kuri kano kigoro mwakoze.
Dj Vampire: Murakoze cane naje ndabashimiye