Umuririmvyi rurangiranwa aturuka mu gihugu ca Tanzania ” Diamond Platnumz , uyu munsi aho yashika i Burundi yakiriwe mu buryo budasanzwe ndetse uno muririmvyi nkuko avyivugira akaba yanezerejwe cane n’ukuntu bamwakiriye.
Uyu muririmvyi niwe azoteramisha abantu kumunsi wejo ndetse akaba asaba aba Fans biwe ko bohurira aho ibirori bizobera ” St. August Stadium ” ikindi naco UBM News twobibutsa nuko murico giteramo haza kuba harimwo n’abandi baririmvyi bibihangange dufise mu Burundi.
Diamond Platnumz mukwerekana umunezero afise wukuntu yakiriwe yagize ati : BURUNDI! you guys are amazing… see you tomorrow at St. August StadiuM…
Recent Comments