Umukuru w’umugamnwe APDR Gabriel Banzawitonde arashimira umugambwe CNDD-FDD kuri démocratie yazanye mu gihugu mbere CNDD-FDD awuha amanota 70% mu bijanye no kwubahiriza démocratie mu gihugu.

Mu kiganiro “dukunde uburundi”kuri radio irebe fm co kuwa gatatu igenekerezo rya 24 nyakanga 2025,Gabriel Banzawitonde arongoye umugambwe Apdr yamenyesheje ko imugambwe CNDD-FDD wubahiriza démocratie.
Kubwa Gabriel Banzawitonde,CNDD-FDD awuha amanota 70% mu bijanye no kwubahiriza démocratie.
Gabriel Banzawitonde yemeza ko démocratie yamaze gushinga imizi mu gihugu:abarundi Bose baringowe n’inzego bitoreye,imigambwe myishi igengwa n’obwirizwa nshingiro.
Ibi bihushanye nivyo yaheruka gushikiriza aho yavuga ko umugambwe CNDD-FDD ushigikira ibisuma adatiye ukuntu bamwirukanye muri LONA ahejeje kwerekana ubunyonyezi bw’imiliyoni 250 bwakorewe mw’ishirahamwe LONA akaba avuga ko yavyeretse umukuru w’igihugu.





Recent Comments