UBM News ads

Démocratie iracari kure mu burundi-Agathon Rwasa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

“Uvuze ikibazo c’igitoro ngo uriko utuka igihugu kandi inkwirikizi zidufata twese,wavuga ikibazo c’ibinyobwa ngo uri igipinga kandi tunyoterwa kumwe”bishikirizwa na Agathon Rwasa aho anegura abategetsi b’uburundi batemera ko hari ibibazo mu gihugu kandi bikeneye gukemurwa.

Rwasa Agathon akavuga ko démocratie ikiri kure cane mu burundi.

Agathon Rwasa yahoze atwara umugambwe CNL akaba n’uwahoze ari umushingamateka yatowe muri CNL aremeza ko démocratie ikiri kure cane.

Afatiye kukuntu abategetsi b’uburundi badashaka ko hagira umuntu numwe avuga ibitagenda neza mu gihugu,vyatumye abategetsi b’uburundi bitiranya igihugu n’umugambwe.

Nkuko bishikirizwa na Rwasa Agathon,uvuze ko hari ibibazo vy’ibitoro witwa ko uriko utuka igihugu,uvuze ko hari ikibazo c’ibinyobwa witwa igipinga.kandi inkwirikizi z’iryo bura twese tuzi aho ziva ariko ukaza ubona umuntu akubwiye ngo kazima dufise ubutegetsi.

Ibi bikaba vyerekana ko démocratie ikiri kure cane mu gihe abategetsi badashobora gutandukanya igihugu n’umugambwe.

Rwasa Agathon akarangiza avuga ko muburundi ikibazo kihari cugaye vyose ari ikijanye na Leadership.kubwiwe abarundi bokwiyambura amoko,imigambwe bakamenya ko ari abarundi Bose.

Ibi akaba yabishikirije mu ruganda rwatunganijwe n’ishirahamwe Parcem rirongowe na Faustin Ndikumana kuri uyu wa 15 nyakanda 2025 mu gihe bari baramutse barabira hamwe aho démocratie igeze mu Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments