#Coronavirus: Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu buvuga ko ata Murundi arafatwa

0

Ubushikiranganji bw’amgara y’Abantu mu Burundi nubu burabeshuza ibinyoma bivuga ko mu gisagara ca Bujumbura mu bitaro Prince Regent Charles hoba haribonekeje abarwayi babibiri ba Coronavirus.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye ejo ku muhingamo, hamenyeshwa ko naho abantu batari bake bavuze vyinshi kuri iyo nkuru, ibipimo vyakozwe vyerekenanye ko abo barwayi babiri ata mugera wa coronavirus bafise.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko umugabo w’imyaka 35 wo ku Buterere igisagara ca Bujumbura yari yiketsweko umugera wa Coronavirus, ibipimo vyerekanye ko atari yandukiwe.

Uwo mugabo yari yashitse ku bitaro Prince Régent Charles kuri uwu wa mbere.

Ivyo bibaye inyuma yo gupima numwigisha wo kw’ishure y’Abafaransa mu gisagara ca Bujumbura inyuma yo kwikekwa ko yoba yaranduye umugera wa Coronavirus mu gihugu c’Urwanda.

Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu nubu bubandanya busaba Abarundi mu gihugu cose kwijukira ibijanye no kwitwararika isuku mu gukaraba kenshi gashoboka.

Nubu mu Burundi nta muntu aribonekeza arwaye uwo mugera wa Coronavirus naho amakenga atabuze mu banyagihugu kubera ibijanye n’ubuvuzi mu Burundi bidashemeye.