UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Concilie nibigira nyuma yo kwirukana umushingamateka Karori Nditije ” Muri UPRONA ikigiye gukwirikira gitangaje niki hano !

UBM News ads

Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA, umugambwe umuganwa Rudoviko Rwagasore yari asanzwe avamwo ntibasigaye inyuma nabo mu kwifurizanya imyaka 52 igihugu kironse intahe yo kwikukira. Uwo mugambwe wahimbaje uwo munsi mukuru mu gihe bivugwa ko Karori Nditije arongowe ishami rya UPRONA ritemewe na Reta yandikiwe ikete ko yirukanwe mu mugambwe


Uno ni Umushingamateka Karori Nditije umukuru w’uwo mugambwe, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Umushingamateka Karori Nditije umukuru w’uwo mugambwe, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ubu bari mu mageragezwa batewe na bamwe mu badasigana. Ariko akamenyesha ko batacitse intege kandi atazo bazocika, kuko amageragezwa bariko baracamwo n’umuganwa Rudoviko Rwagasore yayaciyemwo, igihe yagirizwa n’abazungu ko ari umuzirarumenyetso, akaburagizwa mu mice myinshi itandukanye.

Umushingamateka Nditije rero akavuga ko bitebe bitebuke, abadasigana bo bene umugambwe bagiye kuzoshira ibintu mu buryo, bagatatura amatati ari mu mpande zose. Avuga ko urwego rukuru rw’umugambwe buca rukorana, rugashiraho inzego, kandi ivyo bigakorwa mu minsi ya vuba. Muri ivyo birori vyari vyitabwe na bamwe mu badasigana bagendanye n’umuganwa Rudoviko Rwagasore, bamwe mu bahoze baramutswa amabanga akomeye mu gihugu, abashingamateka, abakenguzamateka n’abandi banyacubahiro, bakaba bavuga ko bipfuza ko abadasigana biyunga vuba.

Concilie-Nibigira
Umupfasoni Concilie Nibigira yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ariko rero ukwo kwiyunga bikaboneka ko kuri kure nk’ukwezi mu gihe umupfasoni Concilie Nibigira yaheruka kwandika ikete amenyesha ko umushingamateka Karori Nditije ko yirukanywe mu mugambwe UPRONA, ivyatangaje ndetse bamwe mu bagasigana aho iyo nyifato bavuga ko ari iyije kubasamaza, kugira igikorwa co kwiyunga no guha inzego umugambwe gisa n’icariko kiragera kure gisubizwe itoto, bakagiriza uwo mupfasoni kwihebura baravye aho ivyo bikorwa vyo kwiyunga bigeze, mu gihe bagiriza uruhande arimwo kuba rushira imbere inyungu zabo, gutinya gutakaza ibibanza barimwo mu gutuma indyane muri UPRONA zihaguma.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments