COMESA Igiye Gushiraho Uguhanahana Ibidandazwa Biciye Kuri Internet.

0

Isokó Rusangi rya Afrika y’Ubuseruko N’Ubumanakuo(COMESA:Common Market for Eastern and Southern Africa) ryamenyesheje ko ryatanguye kugira ibiganiro ku bijanye no gukora ivyo guhanahana ibidandazwa biciye kuri internet mu mugambi wa DFTA( Digital Free Trade Area) kugira ingorane z’imipaka igabura ibihugu zigabanuke.

COMESA ni umugwi w’ibihugu 19 biri hamwe bikorera hamwe ibijanye n’urudandazwa harimwo ibihugu vy’Uburundi, Zimbabwe, Zambia, Malawi, Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Rwanda, Kenya, Uganda. Inama yambere yo gukoresha ubuhinga bwa none ikaba yabereye muri Seychelles mu ndwi iheze nk’uko ikinyamakuru Chronicle kibimenyesha.

Ubwo buryo bukazotuma uguhanahana ibidandazwa hagati y’ibihugu bigize COMESA vyoroha cane. “ Dukwiye gushimira COMESA kubona ifata akanya ko gukoresha ubuhinga bwa none maze ikabufatanya n’urudandazwa maze ikibano cacu kikaba ikirangurira urudandazwa kuri internet”, niko icegera c’umukuru w’igihugu ca Seychelles yavuze muri iyo nama yamaze imisi ibiri.

Umukuru w’urudandazwa muri COMESA, Dr Francis Mangeni( Kw’ifoto), yamenyesheje ko iyo nama yerekanye ko ibihugu bigize COMESA bigeze kure mu gushikira urudandaza rwo kuri internet, bita E.Commerce mu congereza.

DFTA rero ikaba izosaba ko urudandazwa hamwe no guhana hana ibidandazwa rukorera kuri internet, gutyo ibihigu bigize COMESA bigakora cane bijana n’uyo mugambi.

Soma kandi: Internet Inyaruka Guhera Mu 2018 Mu Burundi Bwose.

Igihugu c’Uburundi, naho kitarashika kure cane mu bijanye n’ubuhinga bwa none, harageze ko Abarundi bijukira gukoresha ubuhinga bwa none internet mu kwiteza imbere, na cane abadandaza. Leta y’Uburundi kandi irakwiye kwiyemeza ko nimiburiburi ibice 60% vy’Abarundi bashobora gushikira internet inyaruka nk’uko Leta yavyiyemeje kubikora muri uyu mwaka wa 2018.