Colonel Gaspard BARATUZA : ” Abantu badashika na cumi ntiboshobora gutera ikambi y’igisirikare”

0

Igisirikare c’Uburundi kivuga ko ata gitero caraye kibereye kw’ikambi ya gisirikare yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga n’aho hari amasasu menshi yumvikanye mu micungaroro yayo mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard Baratuza, yamenyesheje ko ari umuntu umwe yarashe amasasu atumbereza kw’ikambi kugira abuze abasirikare kubandanya bakizura uko bisanzwe.

Colonel BARATUZA avuga ko uwo muntu yatanguye kurasa nk’isaha umunani n’igice gushika isaha 10 z’ijoro, abasirikare baramureka gushika buce, baca batangura kumurondera.

Colonel Baratuza yagize ati : “Twibaza ko bari bafise umugambi wo kwiba mu micungararo, baca barasa kugira babuze abajejwe umutekano ntibaze gutabara.”

Bafadikanije n’abanyagihugu, Colonel Baratuza avuga ko abasirikare baciye bugara amayira yose azanana ahumvikaniye amasasu. Hafashwe inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalashinikov, udusandugu tw’amasase yazo 10 (chargeurs) hamwe n’ama gerenade abiri.

Hafashwe kandi abantu 5 bikekwa ko bari muri uwo murwi w’abo bitwaje ibirwanisho. Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, amakuru atandukanye yabandanije gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ko ikambi ya gisirikare yo ku Mukoni yaraye itewe, aho mbere ayo makuru yerekana n’amafoto ya bamwe bamwe mu bamaze gufatwa. Ivy’ico gitero bikaba ariko vyiyamirijwe n’igisirikare c’Uburundi cavuze ko bari abasuma.