CNIDH: Amatohoza kw’izimangana rya Jean BIGIRIMANA arabandanya

0

Amezi indwi araheze umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IWACU Jean BIGIRIMANA aburiwe irengero.Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina munru CNIDH umenyesha ko amatohoza abandanya ku bijanye n’izimangana rya Jean BIGIRIMANA.

Jean Baptiste arongoye umurwi CNIDH amenyesha ko idosiye ijanye n’izimangana ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA icuguruye kandi amatohoza abandanya, mu ntumbero yo kuronka umuco.

Umukuru w’umurwi CNIDH amenyesha ko mu kurondera umuco bisunga amakuru bahabwa n’abandi canke bagakoresha ubuhinga bwabo basanzwe bakoresha mu gukora amatohoza.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko amatohoza bariko barakora ashobora gushikana ku kumenya ukuri kw’izimangana ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA.