Twihweje muri rusangi urwaruka rwo mu Burundi nt’akazoza rubona imbere yarwo,eka nta n’umunya politique ariko ategura akazoza kabo!
Uravye urwaruka rwacu rusa nururushe kandi biratahuritse!
Kumara imyaka irenga cumi nitanu wicaye ku ntebe y’Ishure hama ugashikira mu bushomeri,abavyeyi warabakokoye nuduhera bari kwifashisha,abandi bakadandaza utwo batunze kugira umwana bikunde yige,waheza ugaca wicara muhira imyaka irenga cumi ushomereye nukuri birababaje cane!

Kandi biraca intege abavyeyi,n’urundi rwaruka ruba ruri inyuma kuko ntibabona iyo bariko baja!
Ivyo ntibiterwa nuko urwaruka rwacu ari abanebwe,Oya! Kuko turababona iyo bageze mu Bihugu birimwo akazi ingene bakorana umwete n’ubuzi abandi bakengereye!
Mu bisanzwe nta Gihugu nakimwe kitagira abashomeri,ariko ama Leta agerageza guhangana nico kibazo,
na hano muri America abashomeri barahari,ariko kubera ko ama Leta yibi bihugu aba yitaho abantu cane,kandi akaba azi ko urwaruka arizo nguvu z’Igihugu,babura ubuzi bwa Leta ariko bakarwiza ama sociétés yigenga atanga akazi ku rwaruka!
Mu Burundi akazi koba kenshi cane,kuko opportunities z’akazi mu Burundi ni nyinshi,vyishwe n’abanye politique basize imbere politique yo gusonzesha abantu kugira babayoboke!!
Dufatire akarorero k’urwaruka ruyoboka umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi,mubona harico basumbije abandi?
Ahubwo abenshi barononekaye mu vyiyumviro,bizezwa ibitabaho nabo bakajana navyo kuko atakundi bari bugire!
Benshi barapfuye mu vyiyumviro,bakibona ko basumba abandi batabirimwo,bakishira hejuru y’inzego z’umutekano,urwanko rwinshi kubo badasangiye ivyiyumviro vya politique…ubu bwose ni uburozi abanye politique bashira muri Burundi bwejo kubw’inyungu zabo Gusa,atari inyungu zurwo rwaruka canke z’Igihugu!
Shaka ubabayoboke gute,udafise uwiwanyu imbere canke utange ibiturire nta ntambwe uzotera!
Abana babigeme ngabo birirwa barazunguruka imihanda ngo ni imborakure,bakarara bagenda ijoro ngo bariko barakizura, ngo bacunze umutekano,…abo bantu ejo bazovamwo abapfasoni beza??
Kazoza kabo ntigashobora guherera mu gukizura nyene?
Reverien Ndikuriyo arafise abana,Président Neva arafise abana,
Gélase Ndabirabe arafise Abana,Prime Niyongabo arafise abana,….abatwara umugambwe mu Gihugu cose barafise abana none ubwo abana babo ni Imbonerakure?? Barbara barakizura kugira bereke akarorero keza abandi?
Abo bantu kubera bigira ko bakunda igihugu abana babo bofashe iyambere guhabwa zirya nyigisho Reverien atanga ku Mbonerakure zo gukunda lgigugu kuko Abarundi barayamaze ngo “uwuja gutera uburezi arabwibanza!” Kandi abana babo ninabo bazovamwo abategetsi ejo,kuberiki Reverien atabakundisha igihugu akabona ko yoja kugikundisha umwana wa Nyarucari!?
None wewe woja kwirwirwa utesha umwanya urwaruka rw’abandi gute abiwawe bari kwishure mu Bufaransa,China,USA,UK…?? Urwo rukundo ubakunda barwita gute?
Rwaruka rw’iwacu,ntamuntu ababujije kuja mumigambwe canke gukunda imigambwe, ariko ubwenge bwanyu mvukanwa mubukoreshe!
Abanye politique ba Africa baragoye cane,mwebwe mukoreshwa nk’imitaka yabo ibakingira kugira bashike ku ntumbero zabo gusa!! Bikika ku bukene bo nyene babateje kugira mubayoboke,
Bo bari kukazi kabahemba,namwe muri gutakaza umwanya ngo bazobashikana imbere, Hehe se?
Iyaba babakunda,Nkubu baba bamaze basi gushinga amahinguriro,amashirahamwe n’ibindi vyinshi kugira babahe akazi,kandi amafaranga yo kubikora barayafise,ariko yose bayajana kuyabika hanze namwe muriko musamira isazi ku munwa!
Abantu batanye akanuka Abo bagoranwe k’urugamba imyaka irenga 20 babarungika mu buzima busanzwe ubu bose bariko bicwa nibiyoga bikaze kubera ukwihebura,none mwebwe muvutse ejo nimwe mwibazako bazokunda?? Murazorabe ubuzima aba demobilize babayemwo niho muzomenya ko abo bantu bibuka canke ko ari abahemu!!





Recent Comments