CNDD FDD yatoye uwundi mukenyuro Ku bazitoza

0

Mw’ikoraniro kamenuza ry’umugambwe CNDD FDD ryabaye kuri uno musi wa gatandatu igenekerezo rya 25 ndamukiza hamenyekanye ingingo nshasha zigiye kugenga abazokwitoza baserukira umugambwe CNDD FDD, muri izo ngingo harimwo ko umugambwe ugutanze ugahabwa igiti muri Leta ngo uzobanza kuja kurahira mu mugambwe imbere y’ukuja kurahira imbere y’izindi nzego za leta.

10997985_1620111824871767_1879411137136063447_o

Ku bakurikiranira hagufi ibijanye n’intwaro n’imigambwe babona ko mu gihe ivyo vyashikirijwe n’indongozi z’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu nka hamwe bigiye mu ngiro ata nkeka ko inyungu z’umugambwe arizo zigiye kuja imbere y’iz’igihugu ku bazoba bavuye muri CNDD FDD.

Ivyo bikaba bikozwe mu ntumbero yo kudaha ikibanza uwo wese ashobora kwihindukiza kuvyo umugambwe wamuntumye nkuko vyashikirijwe n’umushingamateka Nyabenda Pascal arongoye uwo mugambwe.

Umuntu yokwibaza rero nimba abo bazoba barungitswe muri Leta bazoba bariko bakorera abarundi canke. Abazungu barayamaze ngo Wait and See.