CNDD-FDD umenyesha ko udashobora kwicarana n’abaronderwa n’ubutungane

0

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko udashobora kwicarana n’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi hamwe n’abatunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 hategekanijwe ibiganiro i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya,umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko udashobora kuganira n’abantu bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko hejuru yo kutemera kwicarana nabo, ahubwo usaba n’abarongozi b’igihugu ca Tanzaniya guca kibahagarika mu gihe boja i Arusha.

Mubo umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa yatumiye ariko umugambwe CNDD-FDD utemera ko boja mu biganiro ni Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD, Yohani MINANI arongoye umugambwe FRODEBU-Nyakuri, Bernard Busokoza yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu n’abandi bahoze bafise amabanga akomeye mu mugambwe CNDD-FDD.