CNDD FDD na UPRONA bacaguye igikenewe hagati y’amatora n’ibiganiro

0

2000px-Flag_of_the_CNDD-FDD.svg

Imwe mu mugambwe iri Ku butegetsi I Bujumbura ariyo CNDD FDD na UPRONA ya Concillie abamenyesha ko amatora ariyo nkenerwa gusumba ibiganiro, ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe uno musi wa gatatu ariho hari hatunganijwe ko hatangura ibiganiro n’umuhuza mushasha mu bibazo bihanze uburundi.

Muri UPRONA yo kwa concilie, bakaba bamenyesheje ko uwo kandi Atari umuhuza ahubwo ngo n’intumwa idasanzwe ya ONU, ngw’ivyo bikaba biboneka nk’ibije kubatesha umwanya. Ariko naho bavuze uko bakaba bugururite imiryango uwo muhuza mu gihe yoba abakeneye ngo yobasanga Ku mugumya haruguruye.

Ivyo biganiro bikaba vyokozwe n’umuhuza mushasha mu matati y’uburundi ariwe Abdoulaye balthily. Akaba yagenywe inyuma y’uwanswe n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politique.