UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

CNDD-FDD iriko ikora ibishoboka vyose kugira yihagire urubuga rwa politike maze izoseruke yonyene mu matora ya 2025-Bivurwa na Agathon RWASA.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uriko ukora ibishoboka vyose kugira wihagire urubuga rwa politike maze uzoseruke wonyene mu matora yimirije yo mu 2025. Ivyo bishikirizwa na Agathon RWASA , umukuru w’umugambwe CNL mu kiganiro yagiranye n’iradiyo ijwi rya Amerika. Agathon RWASA avuga kandi ko icuka ca politike cifashe nabi mu Burundi, aho yagiriza Leta ko yivanga mw’itunganywa ry’iyindi migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.

«Bigaragara ko umugambwe uri ku butegetsi uriko ukora ibishoboka vyose kugira wiharize urubuga rwa politike gutyo ubone amahirwe yuko woba uri mu nzego wonyene, kandi ivyo ntibabitanguye uno musi kuko kuva mu 2020, ico gihe uyo mugambwe wari ugitwarwa n’uwurongoye igihugu uno musi, wakoze ivyo ushobora vyose kugira ngo abatware bose kuva hasi gushika hejuru babe abo mu mugambwe CNDD-FDD. Uy’umusi rero kubera mu 2025 hazoba amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka, ico tubona nuko bashaka ko inama nshingamateka na nkenguzamateka vyokwiharizwa n’uwo mugambwe wonyene»Niko Agathon RWASA yabwiye ijwi rya Amerika.

Tubamenyeshe ko kw’ivyo vyashikirijwe n’umushingamateka RWASA, n’uwuserukira amashirahamwe yegukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi aheruka nawenyene gutangaza ko ata bwigenge mu vya politike buhari kandi ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD wiharije urubuga rwa politike wonyene.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments