CNDD-FDD Irabandanya kwifatira mugahanga amakungu mukuvugako ariyo ari inyuma yakajagari kari mu BURUNDI.

0

CNDD-FDD Irabandanya kwifatira mugahanga amakungu mukuvugako kwariyo ari inyuma yakajagari kariko kabera mu Burundi, ngo aho naho sibindi ngo amakungu niyo aguma atanga imfashanyo zibigwanisho hamwe namafaranga muguha abaguma bagira ibitero muma commune atandukanye ya BUJUMBURA.
Gélase NDABIRABE akavugako ivyo bihugu vyabakoroni vyifuza kubona Uburundi bwasubiye mu bukoroni ngo ivyo ntibizopfa bisubiye kuba n’ubwo ivyo bihugu arivyo bishaka kubona, ngo gushika n’ubu umugambwe wa CNDD-FDD hamwe nabagumyabanga baramaze kumenyako umudurumbanyo wose uba mugihugu ari amakungu abituma, ngo kuko ivyobihugu mpuzamakungu bidashaka ibiganiro ahubwo bishaka kubona uburundi busubiye mukaga.
cndd
Muriryo tangazo rya CNDD-FDD buvugako kubona ivyobihugu vyarahagaritse imfashanyo vyahora bitanga ngo ninkogufatira igihugu mu menshi ngo kuribo ntaco bibabwiye ngo Uburundi buzobandanya bubaho atamfashanyo ngo kandi buzotera imbere nkuko bwari nambere.
Aha ibibazo twoca twibaza nibi:
– Mbega kotubona abatera mw’ijoro nokumurango baba bambaye imyambaro y’igipolisi hamwe nimyambaro yagisirikare, ayo makungu yoba akorana ninzego zigihugu muguhungabanya umutekano?
– Mbega ko Gélase NDABIRABE avugako n’ubwo imfashanyo yohagarikwa ataco vyobatwara tukaba tuziko kuva nakera twahora tubayeho kubera imfashanyo zivyo bihugu ubu ntaco uburundi buzoba buhomvye?
-Mbega ko Umugambwe CNDD-FDD uvuga ko ibihugu vyaburaya arivyo vyanse ibiganiro natwe tukaba tuziko ari Reta yanse ibiganiro ubwo ntikoba ari ukwivuguruza kw’uyomugambwe urikubutegetsi?