CNDD-FDD hamwe na Petero Nkurunziza bafise ubwoba budasanzwe kubera ingingo Agathon Rwasa yafashe

0

Arukumenja twaramenje,kandi ngukoze munda yinka arangiriza mw’ukuboko, aya namwe mu majambo Pierre Claver Ndayicariye yavuze mu nama yagirishije abagize CENI abamenyesha yuko hamwe Rwasa atari kwitaba inama y’abashingamateka ko CENI yari guca iha zirya ntebe FNL ya Jacques BIGIRIMANA,UPRONA ya Concillie hamwe na COPA.

IMG_20150730_145130

Mu makuru yizewe yadushikiriye hano kuri UBM News, yemeza kandi ko muriyo nama bakoze, ngo bari bumvikanye ko hamwe Agathon Rwasa atari kwitaba irya nama ngo yari guca yagirizwa ko ari mubashigikiye abashaka gutera igihugu hamwe no gutembangaza ubutegetsi , ivyo vyose ngo Rwasa yarabimenye bityo akaba arinaco gituma atigeze ahonyoza ikirenge mu nama yabatavuga rumwe na Leta iheruka kubera muri Ethiopia.

Kubahinga babinonosoye bakurikiranira hafi ibibera mu gihugu cu Burundi, bemeza ko umukenyuro wa nyenicubahiro Rwasa Agathon ufise ibintu vyinshi uzibira mu nteguro za Petero Nkurunziza ubu ata handi aziga ngw’urukiza ngwatari guhindura ibwirizwa shingiro ; ivyo ndetse bikaba biteye ubwoba umukuru wigihugu hamwe na CNDD-FDD yiwe kuko ngwari igikorwa kitoroshe ngo kitazomworohera mu gihe hokwisungwa amategeko .

000_Par8237482_0

Kubwabo bahinga babirabira hafi , ngw’ ingingo ya Agathon Rwasa yo kwitaba ibikorwa vya mbere vy’inama nshingamateka yaje hageze kuko ngo yazibiye umugambi wa CNDD-FDD wo guha amajwi y’AMIZERO Y’ABARUNDI , Jacques Bigirimana na UPRONA ya Concilie Nibigira isanganywe amajwi 2% kugira ishitse 5% gutyo irekurirwe n’amategeko mu kwinjira muri reta.

Ukutitaba naho kwa UPRONA ya Nditije mu bikorwa vy’iyo nama nshingamateka navyo vyazibiye Petero Nkurunziza kuronka ng’umututsi ava muri UPRONA yoshira mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yisunze ibwirizwa shingiro , nk’uko rivyemeza neza ko icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu gitegerezwa kuva mu mugambwe w’abatutsi kandi akaba ari mu bwoko bw’abatutsi nyene .

Kubahinga babizi neza babona ko Petero Nkurunziza yoshoboye gutora icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu mugambwe UPRONA wa Concilie Nibigira , ariko ico ntikigikunze kuko Concilie adakwije amajwi 5% asabwa ngo aronke ikibanza muri reta ; kandi bikaba binagoye ko amuhereza amajwi y’AMIZERO Y’ABARUNDI kuko Hon. Rwasa Agathon yitavye gutyo arazibira amajwi yiwe ntiyatangwe.

DSC_9258

Ngo Yoshoboye gutora icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu mugambwe UPRONA wa Nditije , ariko naco kiracamugoye kuko uwo mugambwe utitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka kandi urahira ko utazopfa witavye kiretse hari igihindutse munyuma.

Ngw’Igisigariye rero Petero Nkurunziza ni kimwe , gushobora kugura bamwe muba UPRONA ba Nditije kugira aronkemwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ; gutyo asimbe umutego Nyenicubahiro Rwasa Agathon yamuteze , canke kimwe ahambe amategeko mu guhindura ibwirizwa shingiro ry’u Burundi imbere yo gushinga reta yiwe nk’uko umuvugizi wa CNDD-FDD yabimenyesheje aho yavuga ati : ICIHUTIRWA NI UGUHINDURA IBWIRIZWA SHINGIRO , KUGIRA DUSHINGE RETA NSHASHA “.

NI NK’INDOTO NTIGIKUNDA

Mu gihe Gelase Ndabirabe umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD yamaze kumenyesha ko igikorwa ca mbere ari uguhindura ibwirizwa shingiro kugira hashingwe reta ya Nkurunziza , ingingo ya 300 y’ibwirizwa shingiro iratomora ko kugira ibwirizwa shingiro rihindurwe bisaba ko vyemezwa n’ibice 4/5 canke abashingamateka 96 ku bashika 121 bagize ivyo biro vy’abashingamateka bose ( n’ibice 3/4 vy’abakenguzamateka bose ) .

rwasa

Muri abo bashingamateka , CNDD-FDD ikaba ifisemwo 86 , AMIZERO Y’ABARUNDI ikagira 30 , 2 bo kwa Concilie Nibigira , n’abaserukira abatwa bashika 3 .

Hamwe iyo nteguro ivugwa yo guhindura ibwirizwa shingiro yokorwa na Nkurunziza , nayo ntizomworohera ngo kuko igitigiri gisabwa c’abashingamateka 96 kidakwiye kuko atarenza abashingamateka 86 mu mugambwe wiwe wa CNDD-FDD .

Kiretse bikozwe mu Buryo butemewe ngo CNDD-FDD niho ishobora guhindura ibwirizwa shingiro mu kugura aboyikwiriza igitigiri c’abashingamateka 96 kugira ngo ikunde ishobore gushinga iyo ngirwa reta ivugwa .

Ano makakuru kandi dufise hano kuri UBM News muko abandanya abivuga ngo kugura abashingamateka b’abatwa bashika 3 Nkurunziza ngo yogishikako , ariko mu gihe UPRONA ya Nditije ngo yoguma ishikamye ntigurwe ngo ije guha amajwi Nkurunziza mu guhindura ibwirizwa shingiro ; hon. Rwasa Agathon n’abiwe nabo bakabamba ntibatezure , Nkurunziza na CNDD-FDD ngo bopfana ishavu nk’ishuri kuko n’aho bokwongerako abatwa ntibaronka igitigiri co guhindura ibwirizwa shingiro ( kuko batarenza abashingamateka 86 babo + 3 b’abatwa boshobora kugura +2 bo kwa Concilie Nibigira = abashingamateka 91 badashitsa igitigiri ca 96 bakenewe ) .

Ku ngingo rero nyenucubahiro hon. Rwasa Agathon yafashe yo kwitaba mu nama nshingamateka , ngo ni igikorwa ciza yakoze kuko ngwije kuzibira CNDD-FDD muvyo itegura vyose .