CNARED ntiyiteguye kwitaba ubutumire bw’umuhuza Benjamin Mkapa

0

Urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta y’Uburundi CNARED rumenyesha ko rutiteguye kwitaba ubutumire bw’umuhuza mu biganir bihuza abarundi Benjamin Mkapa.

Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED amenyesha ko,mu runani arimwo batemera Benjamin Mkapa nk’umuhuza w’abarundi

Jeremie MINANI ajejwe ku menyesha amakuru mu runani CNARED avuga ko ,igihe yari ahejeje urugendo yagize mu Burundi,Benjamin Mkapa yashikirije amajambo yerekana ko afise uruhande ahengamiyeko.

Mu rugendo yagize mu Burundi kw’igenekerezo rya Kigarama umwaka wa 2016,Benjamin Mkapa yavuze ko ikiring ca gatatu c’umukuru w’igihugu cemewe n’amategako,ariko muri CNARED nab bakavyamirira kure.

Urunani CNARED rusaba ko umuhuza yshikiriza irindi jambo rivuguruza ivy yashikirije ahejeje urugendo rwiwe mu Burundi,kugira bamwemere nk’umuhuza.