CNARED : Leonard Nyangoma yasavye umukuru w’igihugu kwikura kubutegetsi vyihuta, yanse naho ngo biteguriye gukoresha inguvu.

0

Urunani CNARED rw’abatavuga rumwe na reta ya Petero Nkurunziza rwatangaje ko kuva kuri uyu wa 26/8/2015 mu Burundi ata reta yemewe n’amategeko ihari.

leonard-nyangoma1

Uwutwara urwo runani umushingamateka Leonard NYANGOMA yasavye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA gukinjura canke akemera ibiganiro kugira hashingwe reta mfatakibanza.

Leonard Nyangoma Yavuze ko murugamba barimwo hashobora no gukoreshwa inguvu ikindi naco nuko Yemeye ko bakorana n’abahatswe gutembagaza ubutegetsi mukwezi kwa gatanu guheze.

peter

UBM News tubibutse ko ko iri tangazo risohotse mu gihe umukuru w’igihugu yarahiye kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro 2015,abagize Reta nshasha y’Uburundi nabo barahira kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 25 Myandagaro 2015, ikindi naco nuko umukuru w’igihugu abandanya agabisha abo bose bashaka gutembagaza ubutegsi bwiwe aho avuga ko ataco bazoshikako.