CNARED isaba akarere ka Afrika y’Ubuseruko gushiraho umuhuza abishoboye

0

Urunani CNARED-GIRITEKA rusaba umuhuza Yoweri Kaguta MUSEVENI gukorana n’abakuru b’ibihubu vy’akarere kugira bagene uwundi ataho ahengamiye kandi abishboye yosubirira Benjamin Mkapa.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umuvugizi w’urunani CNARED-GIRITEKA Pancrace CIMPAYE kuri uno wa mbere igenekerezo rya 30 Nzero umwaka wa 2017,urwo runani rumenyesha ko rutacizeye umuhuza Benjamin Mkapa kuko yerekanye ko ahengamiye ku butegetsi bw’Uburundi.

Muri iryo tangazo urunani CNARED-GIRITEKA rumenyesha kandi ko rwizeye ibiganiro bihagarariwe n’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko,bihagarariwe n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta MUSEVENI.

Urunani CNARED rumenyesha ko rudatahura ingene mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ikibazo gitorerwa umuti mu minsi mikeya,ariko mu Burundi bikananirana.

Mu kurangiza urunani CNARED-GIRITEKA rusaba ko akarere ka Afrika y’Ubuseruko gakoranye n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta MUSEVENI boshiraho uwundi muhuza abishoboye.