Thursday, October 6, 2022
HomeNewsCNARED iriyamiriza bimwe bikomeye ubwicanyi bukorerwa abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero...

CNARED iriyamiriza bimwe bikomeye ubwicanyi bukorerwa abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza

Inama y’Igihugu « CNARED » iriyamiriza ubwicanyi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bibandanya gukorerwa abanyagihugu bo muma komine yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Mw’itangazo ryasohowe n’inama y’Igihugu « CNARED », riteweko umukono na MINANI JEREMIE, umukuru w’umurwi ujejwe kumenyesha amakuru muri CNARED, bamenyesha ko ibiriko biraba vyose ari ingaruka y’ugushaka kwigumiza ku butegetsi kwa Petero NKURUNZIZA, akoresheje ibirwanisho. Kubwa CNARED, ubwicanyi n’umutekano muke vyibonekeza vyerekana ubutegetsi budaciye mu mategeko.

mina-2-18d07
MINANI JEREMIE, umukuru w’umurwi ujejwe kumenyesha amakuru muri CNARED

Inama y’igihugu CNARED iriyamiriza ubwo bwicanyi, ikamenyesha ko yiteguriye kwemera ibiganiro vyogarukana iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro, ari navyo vyotuma Uburundi bugaruka mu ntwaro y’amahoro n’umutekano.

Amakungu asabwa kubandanya kugondoza ubutegetsi bw’i Bujumbura ko bwokwemera ibiganiro, abanyagihugu nabo bagahamagarirwa kuguma bafatanye mu nda, biyamirize ubutumwa b’inzankano n’ugucanishamwo amoko bumaze iminsi butangwa n’abategetsi ba CNDD FDD.

Src : Igihe

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...