CNARED Iriteguriye gutunganya Iminsi y’ukwibuka Incungu z’UBURUNDI.

0

Mu gihe Uburundi bwimirije kwibuka imyaka iheze hagandaguwe incungu y’intahe y’ukwikukira hamwe n’incungu y’intwaro rusangi, abagize urwego CNARED bamenyesha ko bagiye gutunganya ibirori vy’ukwibuka izo ncungu.

Pancrace-Cimpaye1

Mw’itangazo ryateweko umukono na Pancrace CIMPAYE icegera c’umuvugizi w’urwego CNARED, bamenyesha ko Petero NKURUNZIZA atubahirije iragi n’akarangamutima k’umuganwa Rudoviko RWAGASORE yarondeye intahe y’ukwikukira, hamwe na Melchior NDADAYE yarondeye intwaro rusangi, ari naco gituma atohabwa iryo teka ry’ugutunganya ibirori vy’ukwibuka imyaka iheze izo ncungu zigandaguwe.

Mu rwego CNARED bamenyesha ko bafadikanije n’abarundi baba hanze, bagiye gutunganya ingene izo ncungu z’Uburundi zokwibukwa, abari mu Burundi bakaba bazobimenyeshwa hanyuma.