CMAP : Urunani Rushasha Rwa Politike Inyuma Ya ADC na CNARED

0

Inyuma y ’ishingwa rya ADC IKibiri, hama harajaho CNARED, abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’I Bujumbura bashizeho urundi runani rushasha rwa Politike CMAP ( Convention Des Mouvements Armés et Partis politiques), urwavukiye I nyamata mu Rwanda, rufashwe mu mugongo cane na Hussein Radjabu.

Mu kiringo cose habaye amatora hama ntahurizweko na bose hama haba urunani: inyuma yishingwa rya ADC Ikibiri ryaje ryiyamiriza amatora yabakuru b’imitumba mu 2010, Urunani CNARED rwarashizweho kugira rwiyamirize amatora yo mu 2015.

Ariko kandi nkuko amakuru yizewe yagiye ahabona, bivuye ku kuba urunani CNARED rurongowe na Charles Nditije rugeze habi muvyubutegetsi, umugwi munini wabagize abatavuga rumwe n’ubutegetsi warakoranye I Nyamata mu Rwanda kugira ushireho urundi runani rushasha rwa Politike: CMAP.

Abavugwa ko Barongoye Urwo runani rushasha

Intumbero yo gushiraho urwo runani nkuko amakuru abandanya abimenyesha ni gushiraho ‘ umugwi umwe ukomeye’ nkuko vyasabwe na Alexis Sinduhije.

CMAP ikaba ije nkiyihamba CNARED mu vya Politike y’Uburundi, inyuma yaho bamwe bahebeye urwo runani ubu rurongowe na Charles Nditije.

Bikaba bizwi ko Hussein Radjabu yari yavuye mwurwo runani haheze amezi 9 urwo runani rushizweho, yiyamiriza ibitagenda neza muri urwo runani, na cane cane mu bijanye no kugabangana ibiti muri ugwo runani.

Urunani CMAP kandi rukaba rugizwe ahanini n’abahoze ari abakomeye muri CNDD-FDD, bafise uburambe muvyugutwara.Boba bazoshobora ivyo abandi bananinwe nka ba Alexis Sinduhije?