Clip Video y’indirimbo HAFI YANJE ya Kolly The Magic yamaze kuja ahabona.

0

Amasanamu y’indirimbo HAFI YANJE y’umuririmvyi akongera akaba umuhinyanyuzi Kollly The Magic yamaze kuja ahabona nkuko uyo muririmvyi Kolly yashoboye kubimenyesha bangenzi bacu bakorera ikinyamakuru indundi.commn, eka ndetse ayo masanamu yatanguye kuja ahabona nkuko ku mbuga nyinshi ayo masanamu yamaze gushigwako.kolly
Muri ayo masanamu hakaba hagarara umwigeme atari amenyerewe muma clip video ya hano iwacu ariko nkuko uyo muhinyanyuzi yabimenyesheje bangenzi bacu bakorera ikinyamakuru indundi.com, akaba yabamenyesheje ko uyo mwigeme ari mushasha muma video ariko akaba afise impano idasanzwe eka ndetse akaba afise n’ubwiza budasanzwe.
kolly

Twobamenyeshako ayo masanamu yiyo ndirimbo nshasha ya Kolly The Magic yahinyanyuwe n’umuhinyanyuzi Amede Pro.