Friday, August 19, 2022
HomeNewsCibitoke : Umunyagihugu yishwe akerewe n’umupanga

Cibitoke : Umunyagihugu yishwe akerewe n’umupanga

Ubwo bwicanyi bwabereye ku musozi Rumvya, zone Buhoro, komine Mabayi, mu ntara ya Cibitoke. Uwagandaguwe ni umugabo w’imyaka 49 azwi kw’izina rya Joseph Maniragaba.

Uwo munyagihugu yagandaguwe n’abantu bataramenyekana bamusanze muhira iwe nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, babanza kumuboha bakoresheje imigozi, mu nyuma bamukerera bakoresheje umupanga.

Joseph asize umupfakazi hamwe n’abana batandatu.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abagandaguye uwo muntu bamenyekane.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments