Cibitoke – Mutakura : Abaporisi n’abasirikare bagabirije

0

Amasasu n’amagerenade menshi nivyo vyumvikana kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, muma karitiye ya Cibitoke na Mutakura. Kuva nk’igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu, abanyagihugu bo muri ayo makaritiye binyegeje mu mazu, abatarataha bakaba babuze ingene binjira.

sol

Abasirikare n’abaporisi benshi nibo baboneka mu mpande zose z’amakaritiye ya Cibitoke na Mutakura. Amasasu menshi n’amagerenade akaba arivyo vyumvikana, aho bikomeye cane ni ku ruhande rwa karitiye ya Mutakura, aho humvikana ibikoho vya muzinga.

Ibijanye n’ico gitero hamwe n’ivyononekaye bikaba gushika ubu bitaramenyekana.

Ikinyamakuru Ubm news kibemereye kubigarukako mu makuru yo hanyuma