Monday, September 26, 2022
HomeNewsCibitoke-Mugina: Musitanteri asaba ababishoboye gufasha

Cibitoke-Mugina: Musitanteri asaba ababishoboye gufasha

Imvura ivanze n’umuyaga n’urubura yaguye mu ntara ya Cibitoke,inyuma y’umutaga kuwa kane igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2017 yatumye ibintu vyononekara harimwo n’umuntu yitavye Imana akubiswe n’inkuba.

Amakuru ava mu ntara ya Cibitoke amenyesha ko iyo mvura ivanze n’umuyaga n’urubura yaguye ku mitumba ya Rubona,Nyamihana na Kagurutsi iri muri Komine Mugina.

Abajejwe intwaro muri Komine ya Mugina kuva ku mitumba baremeza ayo makuru,aho bamenyesha ko abarimyi aribo babangamiwe kurusha kuko ibiterwa vy’ibitoke,imyumbati n’ibigori arivyo vyasinzikaye.

Musitanteri wa Komine Mugina Jovith Bayavuge avuga ko ikomine arongoye itoshobora gufasha abasinzikaye bose, ari naco gituma ababishoboye bose gufasha, ahereye ku bushikiranganji bwo gufatana mu nda.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...